IKIGANIRO ABASHIKIRANJI BAKOZE IGENEKEREZO MU GISAGARA CA BUJUMBURA KUWA 15/5/2023
- Détails
- Affichages : 38
Ku musi wa mbere igenekerezo rya 15 rusama 2023, abashikirangaji ba Reta y’Uburundi baragendeye ama komine ya Meri ya Bujumbura mu ntumbero yo kwumviriza ibibakiye abenegihugu bongere babitorere inyishu.
Muri komine Ntahangwa inama yabereye mu ngagara kuri Ozone Diplomatique hari abagera kuri bane : Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu Martin NITERTSE, Uw’ukwivuna abansi n’ukwitaho abahoze k’urugamba Alain Tribert MUTABAZI, Uw’ubutungane Domine BANYANKIMBONA hamwe n’uwinyubako za Reta Dieudonné DUKUNDANE.
Ahanini ibibazo vyashikirijwe vyari bijanye n’imanza ziri mu butungane, kubura ibikoresho ku bahuza bo ku mitumba, inyubako zihura n’ibiza cane cane imyuzurira hamwe n’ibindi bijanye n’imibano.
Ku bijanye n’imanza bivugwa ko zidindira canke hoba hajamwo aka mwana wa mama, Umushikiranganji yabwiye abacamanza kwubahiriza ibiringo no kudahengama yongera asaba abitura ubutungane ko mu gihe hoba hari umucamanza atigenjeje neza batoca bavyitirira urwego rwose.
Ku kijanye n’ibikoresho vy’abahuza bo ku mitumba yamenyesheje ko bokwihangana biriko birategurwa.
Ku kibazo kijanye n’inyubako umushikiranganji DUKUNDANE yasavye abubaka ko bobanza gusaba impanuro ababijejwe aho kuja kwubaka mu bibanza bitabereye.
Ku bagonga ivyuma vy’amatara, Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo umutekano yamenyesheje ko uwo bizoshikira azofatanwa n’icuma ciwe kandi akagisubizwa aruko asubirije ico Cuma.
Yaranamenyesheje ko hashizwe imirongo mu mabarabara kumvo z’umutekano asaba abagendesha ivyuma bayubahiriza, ndetse n’abahagarika imiduga ku mpande y’amabarabara hatemewe yameshejeko bazohanwa co kimwe n’abazoshika kw’igenekerezo rya 20/5/2023 batarashira amatara ku mpangu zabo n’abadasukura imbere yaho baba bazocibwa amande.
Ku bijanye n’ibiciro y’ibinyobwa vya BRARUDI, isima n’isukari ; Umushikiranganji Martin NITERETSE yasavye abajejwe intwaro kubikurikirana neza, abatubahiriza ibiciro nabo bakurwe ku rutonde rw’abaronka ivyo bidandazwa.
Muri komine MUHA inama yabereye aho bita kwa padiri hakoreye abashikiranganji bagera kuri bane akaba ari : Umushikirangaji muvyo ajejwe harimwo indero, ubushakashatsi François HAVYARIMANA; Umushikirangaji muvyo ajejwe harimwo amazi, amasoko ntangaguvu,ubutare n’agataka Ibrahim UWIZEYE ; Uwujejwe amagara y’abantu nukurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA Sylvie NZEYIMANA ; Uwo gushigikirana, imibano agateka kazina muntu n’iterambere ridakumira Imelde SABUSHIMIKE.
Ibibazo vyabajijwe vyari vyerekeye ahanini ibura ry’amazi, ikijanye n’indero, abahuye n’ivyaduka vy’imyuzurira hamwe nibijanye n’amagara y’abantu.
urugendo umukuru w'igisagara ca Bujumbura yatunganije mumasoko
- Détails
- Affichages : 154
Kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Ruhuma 2023 Nyakubahwa Général de Brigade de Police Jimmy HATUNGIMANA arongoye igisagara ca Bujumbura, yaratunganije urugendo aho yagendeye amasoko agize komine Muha hamwe na NgagaraI na II bita COTEBU ziri muri zone Ngagara Komine Ntahangwa. Hari muntumbero yo kwirabira ibijanye n'isuku n'isukura.Yabateye akamo ko kwama bagira isuku yaho bakorera imbere yuko bugurura ibibanza badandarizamwo.
Muri komine MUHA urwo rugendo rwagenze uko gukurikira :
- Kw'isoko yo mu kanyosha yavuze ko ibibanza bicugaye badakoreramwo mu misi15 bizosubira mu minwe ya Mairie ya Bujumbura. Ibibanza navyo bihometse kurukuta rw'isoko inyuma yababwiye ko binjira mw'isoko maze ico kibanza gitunganywe himukire parking terminus ya kanyosha niya musaga- kinanira.
- Kw'isoko ya ruziba, abandandariza hanze, Umukuru wa Gnl de Bde de Pol Jimmy Hatungimana yababwiye ko bategerezwa kwinjira mw'isoko imbere kugira bave kwibarabara ahagenewe parking.
- Kw'isoko ya kinindo Gnl de Bde de Pol Jimmy Hatungimana yasanze iyo soko atamwimbu ushemeye utanga.Niko gusaba abayirongoye guhinyanyura politike yotuma isoko ihurumbirwa.Amamatela yose agarukanwe mw'isoko ya kinindo,amabaro y'impuzu agaruke kuko vyibonekeza ko isoko igaragara.
IKIGANIRO UMUSHIKIRANGANJI WA MBERE YAKORESHEJE MUGISAGARA
- Détails
- Affichages : 172
Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 26 Nzero umwaka wa 2023, mu nyubakwa z’ishuri Scheppers, Umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Uburundi NDIRAKOBUCA Gerevasi, yagirishije ikiganiro indongozi zose zirangurira imirimo muri Meri ya Bujumbura.
Mw’ijambo ry’ikaze yashikirije, umukuru w’igisagara, Hatungimana Jimmy, yarashimiye Umushikiranganji wa mbere kuba yaje kuganira n’izo ndongozi, amumenyesha ko umutekano wifashe neza kandi n’abanegihugu bari ku kivi mu bikorwa vy’iterambere.
Muri iyo nama, Umushikiranganji wa Mbere yasavye abajejwe intwaro ko batokwivanga mu bikorwa vy'amakoperative ariko ko boyashigikira.
Yaranasavye kandi umukuru w'igisagara ca Bujumbura gutorera inyishu ibibazo biri mu burongozi bwa komine Mukaza na karitiye Mutanga Sud.
Mu bijanye n'urudandazwa, yasavye umukuru w'igisagara ca Bujumbua guhimiriza abadandaza gukora amasaha yose nkuko biri mu bindi bisagara vyo mu bihugu vyo mu karere ka Afrika y'ubuseruko.
Descente du Maire de la ville pour le constat du pénurie d'eau en commune Ntahangwa
- Détails
- Affichages : 208
Ce lundi 16/1/2023,le Maire a effectué une descente avec deux équipes l'une de la Régideso à la tête le Directeur Eau et l'autre celle de la société Amazi water dans la commune Ntahangwa Bukirasazi I et le quartier Mubone.
L'objet de la descente c'était de voir comment pouvoir alimenter l'eau potable pour les paisibles citoyens qui habitent dans ces localités.
14 sites sont éligées pour borne fontaine et le Maire a informé le public qui était présent que cette eau sera gratuite et qu'on est entrain de travailler dessus.
A Mubone on a constaté un projet pilote d'eau par forage de plus de 60m de profondeur qui a été fait par la sociéte amazi Water.
Après le Quartier Mubone, on a constaté une pénurie d'eau à la zone Kinama. L'eau vient de façon incontinuelle et elle disparait.
Le Maire les a conseillés d'utiliser l'eau de pluie pendant cette saison pluvieuse pour certains travaux domestiques et l'eau de la Régideso pour d'autres comme la boire et autres choses.
La descente est terminée au Q 10 à Ngagara où on a constaté qu'il ya plus d'eau pour faire un forage d'eau.
Le Maire s'est convenu avec la société Amazi Water de lui donner demain le 17/1/2023 avant midi le rapport pour la faisabilité du forage à Mubone et au Q Ngagara 10.
Echanger sur la construction dans la ville de Bujumbura des infrastructures résilientes aux changements climatiques
- Détails
- Affichages : 245
Le Ministre de l'Infrastructure des Equipements et des Logements Sociaux du Burundi a rencontré le lundi 9 Janvier 2023, les habitants de la Mairie de Bujumbura pour échanger sur la construction dans la ville de Bujumbura des infrastructures résilientes aux changements climatiques. Il a demandé aux habitants de la Mairie de Bujumbura de conjuguer les efforts pour mener des activités qui rendraient la ville de Bujumbura plus attrayante