Kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Ruhuma 2023 Nyakubahwa Général de Brigade de Police Jimmy HATUNGIMANA arongoye igisagara ca Bujumbura, yaratunganije urugendo aho yagendeye amasoko agize komine Muha hamwe na NgagaraI na II bita COTEBU ziri muri zone Ngagara Komine Ntahangwa. Hari muntumbero yo kwirabira ibijanye n'isuku n'isukura.Yabateye akamo ko kwama bagira isuku yaho bakorera imbere yuko bugurura ibibanza badandarizamwo.

Muri komine MUHA urwo rugendo rwagenze uko gukurikira :

  • Kw'isoko yo mu kanyosha yavuze ko ibibanza bicugaye badakoreramwo mu misi15 bizosubira mu minwe ya Mairie ya Bujumbura. Ibibanza navyo bihometse kurukuta rw'isoko inyuma yababwiye ko binjira mw'isoko maze ico kibanza gitunganywe himukire parking terminus ya kanyosha niya musaga- kinanira.
  • Kw'isoko ya ruziba, abandandariza hanze, Umukuru wa Gnl de Bde de Pol Jimmy Hatungimana yababwiye ko bategerezwa kwinjira mw'isoko imbere kugira bave kwibarabara ahagenewe parking.
  • Kw'isoko ya kinindo Gnl de Bde de Pol Jimmy Hatungimana yasanze iyo soko atamwimbu ushemeye utanga.Niko gusaba abayirongoye guhinyanyura politike yotuma isoko ihurumbirwa.Amamatela yose agarukanwe mw'isoko ya kinindo,amabaro y'impuzu agaruke kuko vyibonekeza ko isoko igaragara.