La période de déclaration volontaire édition 2024 en Mairie de Bujumbura a débuté du 1er janvier de cette année jusqu'au 30 Mars
LOGO Mairie

 LA MAIRIE DE BUJUMBURA

 

banner HDV

 

Ku musi wa mbere igenekerezo rya 15 rusama 2023, abashikirangaji ba Reta y’Uburundi baragendeye ama komine ya Meri ya Bujumbura mu ntumbero yo kwumviriza ibibakiye abenegihugu bongere babitorere inyishu.

Muri komine Ntahangwa inama yabereye mu ngagara kuri Ozone Diplomatique hari abagera kuri bane : Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu Martin NITERTSE, Uw’ukwivuna abansi n’ukwitaho abahoze k’urugamba Alain Tribert MUTABAZI, Uw’ubutungane Domine BANYANKIMBONA hamwe n’uwinyubako za Reta Dieudonné DUKUNDANE.

Ahanini ibibazo vyashikirijwe vyari bijanye n’imanza ziri mu butungane, kubura ibikoresho ku bahuza bo ku mitumba, inyubako zihura n’ibiza cane cane imyuzurira hamwe n’ibindi bijanye n’imibano.

Ku bijanye n’imanza bivugwa ko zidindira canke hoba hajamwo aka mwana wa mama, Umushikiranganji yabwiye abacamanza kwubahiriza ibiringo no kudahengama yongera asaba abitura ubutungane ko mu gihe hoba hari umucamanza atigenjeje neza batoca bavyitirira urwego rwose.

Ku kijanye n’ibikoresho vy’abahuza bo ku mitumba yamenyesheje ko bokwihangana biriko birategurwa.

Ku kibazo kijanye n’inyubako umushikiranganji DUKUNDANE yasavye abubaka ko bobanza gusaba impanuro ababijejwe aho kuja kwubaka mu bibanza bitabereye.

Ku bagonga ivyuma vy’amatara, Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo umutekano yamenyesheje ko uwo bizoshikira azofatanwa n’icuma ciwe kandi   akagisubizwa  aruko asubirije ico Cuma.

Yaranamenyesheje ko hashizwe imirongo mu mabarabara kumvo z’umutekano asaba abagendesha ivyuma bayubahiriza, ndetse n’abahagarika imiduga ku mpande y’amabarabara hatemewe yameshejeko bazohanwa co kimwe n’abazoshika kw’igenekerezo rya 20/5/2023 batarashira amatara ku mpangu zabo n’abadasukura imbere yaho baba bazocibwa amande.

Ku bijanye n’ibiciro y’ibinyobwa vya BRARUDI, isima n’isukari ; Umushikiranganji Martin NITERETSE yasavye abajejwe intwaro kubikurikirana neza, abatubahiriza ibiciro nabo bakurwe ku rutonde rw’abaronka ivyo bidandazwa.

Muri komine MUHA inama yabereye aho bita kwa padiri hakoreye abashikiranganji bagera kuri bane akaba ari : Umushikirangaji muvyo ajejwe harimwo indero, ubushakashatsi François HAVYARIMANA; Umushikirangaji muvyo ajejwe harimwo amazi, amasoko ntangaguvu,ubutare n’agataka Ibrahim UWIZEYE ; Uwujejwe amagara y’abantu nukurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA Sylvie NZEYIMANA ; Uwo gushigikirana, imibano agateka kazina muntu n’iterambere ridakumira Imelde SABUSHIMIKE.

Ibibazo vyabajijwe vyari vyerekeye ahanini ibura ry’amazi, ikijanye n’indero, abahuye n’ivyaduka vy’imyuzurira hamwe nibijanye n’amagara y’abantu.

Kukijanye n’indero, Umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi yarahamagariye abarongoye amashure shingiro gutegura neza abanyeshure bo mumwaka w’icenda bimirije gukora ikibazo ca Reta muntumbero yokuronka umwimbu ushimishije.

Kukijanye n’amagara y’abantu, Umushikiranganji w’amagara y’abantu nokurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA yibukije abenegihugu bo muri commune Muha kubandanya bakurikiza amabwirizwa y’isuku muntumbero yokurandurana imizi n’ukwikingira ikiza ca korera.

Yanahamagariye abajejwe intwaro n’amadini guhimiriza abo barongoye kwitabira kubwinshi isekeza ry’urucanco rw’ubukangwe rwimirije mu minsi iza.

Kukijanye niburwa ry’amazi, Umushikiranganji w’amazi, amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka, yarahumurije abenegihugu bo muri commune Muha ko igisata kijejwe amatara n’amazi kiri kukivi ko vuba ikibazo kizoba catorewe umuti.

Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo gushigikirana, imibano agateka kazina muntu n’iterambere ridakumira ; yamenyesheje ko abashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka bariko barabarondera ibibanza vyo kubashiramwo bitekanye.

Muri commune MUKAZA inama yabereye munyubakwa z’ishure rya Scheppers, abashikirangaji bari bitavye ico kiganiro hari umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo abakozi n’akazi Déo RUSENGAMIHIGO, umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo itumatumanako amakuru Léocadie NDACAYISABA, hamwe n’umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo iyinjira mumuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko Ezéchiel NIBIGIRA.

Muri rusangi ibibazo vyabijijwe vyari vyerekeye akazi hamwe n’itumatumanako amakuru, kurivyo bibazo hatanzwe umuco ndetse n’umwizero ko ibitaraja mu ngiro bigiye gutorerwa inyishu aho twovuga gushiraho imihora yoguhamagara kumabarabara hamwe n’umuhora umwe mukarere ka Afrika y’ubuseruko, ku batanyuzwe baremerewe imibonano hongera haratangwa inomero bazohamagarako bagatunganirizwa.

Les Maires de la ville de Bujumbura depuis 1962

Gérard Kibinakanwa
Terence Ndikumasabo
Pie Kanyoni
Charles Kabunyoma
Juvenal Madirisha
Germain Nkurikiye
Lucien Sakubu
Léonidas Ndoricimpa
Arthémon Mvuyekure
Anatole Kanyenkiko
Léonce Sinzinkayo
Pie Ntiyankundiye
Pontien Niyongabo
Célestin Sebutama
Elias Buregure
Evrard Giswaswa
Saidi Juma
Jimmy Hatungimana